Scroll to Top

#indundi Interview| Jeremie | Ibikorwa nivyo bivugira Umuntu

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 02 Apr 2016 01:52 AM / /

Yele arakebura abigira ibihangange ko urwo rwego baruhabwa n’ibikorwa baba bakoze batarwiha.

Jeremie Hakeshimana mu Kiganiro yahaye Indundi radio biciye mu Indundi Radio yamenyesheje ko abaririmvyi ba kera bakoranye hariho bamwe bamwe bataye umurongo bagatangura kwiyita ibihangange kandi batari bwashike kuri urwo rwego.

Jérémie-et-sa-guitare.

Yele ariko akavuga ko bitararengerana ngo abo bataye umurongo barashobora kugaruka mu ruhongore. Kuko ngo ubuhangange ntibabwigira ahubwo baraburonka babuhaye n’ibikorwa umuntu aba yakoze.

Yele yarangije ico kiganiro cari gihariwe gusobanura indirimbo yiwe nshasha yise Mpore amenyesha ko mu bubirigi aho asanzwe ari naho nyene afise urunganwe rutari ruto rw’abarundi n’abanyamahanga asanzwe aha ubumenyi mu bijanye n’umuziki.

Kurikirana ikiganiro gikwiye mu gufyonda kuri Ingomabeat

ingomabeat

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel