Scroll to Top

#indundi Interview | Sat-b | Abategura Ibiteramo mu mahanga ntibamuha amafaramga akwiye

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 02 Apr 2016 02:44 AM / / 710 views

Sat-b ntarya umunwa mu kuvuga ko abategura ibiteramo bamaze kuvugana batamuha amafaranga akwiye ngo bakorane. 

Aboubakar Karume benshi bazi nka Sat-b mu kiganiro yahaye Indundi Radio biciye muri Ingoma beat kuri uyu wa gatatu aho yararamutse asohora indirimbo yiwe African Girl, yaragize ico avuga Ku biteramo vyiwe mu mahanga.

Ico gihangange camenyesheje ko kugaruka I Burundi gukora ibiteramo nawe avyipfuza cane kuko anahakumbuye cane gose, ariko habuze ishirahamwe canke umuntu yomurya akara ngo bamuhamagare bakoranye.

 

Uwo muririmvyi ntiyariye umunwa mu kuvuga ko ibiteramo mu mahanga yama yabironse ariko atigera ajayo kubera abo basanzwe babitegura badahuza ku kijanye n’amafaranga yohabw, bo bamuha make nawe aba ashaka kubaho.

Mu kurangiza yamenyesheje ko iyo ndirimbo yaheruka gushira ahabona yise African Girl yaririmbiye abigeme Bose b’abanyafrika iyo bava bakagera, ariko ngo yahagaze cane Ku bigeme bo muri Africa y’ubuseruko.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel