Scroll to Top

Uwahora arongoye Messager Ngozi yatanze imihoho

By Editor / Published on Monday, 07 Jan 2019 08:49 AM / /

Manirakiza Marc batazira Poshen yahora arongoye Messager Ngozi yatanze imihoho.

Amakuru akaba yaraye abonetse Ku rubuga ngurukana bumenyi Facebook rwegukira umugwi Messager Ngozi aho avuga ibimenyeshwejeko ari ivy’ukuri uwahora arongoye umugwi Messager Ngozi abicishije mw’ikete yandikiye uwurongoye Academie le Messager yaramenyeshejeko ahagaritse amabanga yo kurongora Messager Ngozi akaba yaranatanze n’imvo zabitumye .

Kuri urwo rubuga ngurukana bumenyi bwa Facebook yegukira Messager Ngozi baravuga y’uko bafashe akanya ngo babeshuze ivyanditwe ko yahagaritse n’amasezerano ari hagati ya Messager Ngozi na Musumba Steel-Ubucom ngo ico in ikinyoma cambaye ubusa .

Bakarangiza basaba ko abakeneye kumenya vyinshi bokwegera igisata kijejwe amakuru muri academies le Messager , Kandi ibikorwa birabandanya uko vyahora .

Add Comment