Scroll to Top

#Burundi| Dr Jean MINANI ngo ntacemerewe kurongora umugambwe Sahwanya-Frodebu Nyakuri

By La Rédaction / Published on Monday, 16 May 2016 02:52 AM / /
Frodebu nyakuri
Képhas Nibizi ibubamfu hamwe na David Niyoncungu, bariko baririmba ururirimbo ruhayagiza umugambwe inama irangiye

Guhera ejo haheze ku w’Imana igenekerezo rya 15 rusama 2016, umushingantahe Képhas NIBIZI niwe asigaye aramutswa ubuyobozi bw’umugambwe Sahwanya-Frodebu Nyakuri.

Ivyo vyavuye mu nama rukokoma yabaye aho kuw’Imana, aho abanywanyi b’uwo mugambwe ngo barenga amajana indwi bari bayitavye baraheza batora uwo Képhas Nibizi kugira ngo abandanye abayobora. Haratowe kandi umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe, umushingantahe David NIYONCUNGU asanzwe ari imvukira yo mu ntara ya Bubanza.

Nk’uko twabishikirijwe n’uwo murongozi mushasha w’umugambwe Sahwanya-Frodebu Nyakuri, ngo iyo nama rukokoma ngo yarakwirikije amategeko kuko ngo Muganga Yohani MINANI yategerezwa kuyitumako ngo yari yaramaze kwikura mu mugambwe wenyene ubwiwe.

Kubera ivyo rero, umugambwe ngo washimye kumusubiriza kuko kanatsinda, nk’uko Képhas abandanya abimenyesha, ngo Minani yinjiye mu runani CNARED umugambwe Sahwanya-Frodebu Nyakuri utabimwemereye. Ikindi, uwo Képhase yagiriza Dr Jean MINANI kuba ngo yarahamagariye abanywanyi b’umugambwe Sahwanya-Frodebu Nyakuri ko boja mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza, kandi ngo yari asigaye atunganya nabi ibikorwa vy’umugambwe.

Uwo murongozi mushasha w’umugambwe Sahwanya-Frodebu Nyakuri, amenyesha kandi ko icihutirwa mu bikorwa agiye kurangura ko ari gusubira gutunganya neza inzego z’umugambwe kuva hasi gushika hejuru kugira ngo bashobore kwitegurira neza amatora yo muri 2020. Ngo yipfuza kugarukana demokarasi mu mugambwe.

Nibizi ngo arashigikiye ibiganiro vyo mu gihugu hagati birongowe na CNDI ; aha akaba yaramaze kugabisha amenyesha ko ata ngingo n’imwe yofatirwa i Arusha izoba iciye kubiri n’ugushaka kw’abanyagihugu. Yongera agasaba abanyepolitike ko bokwiyemeza gukurikiza ingingo zafashwe bakavavanura n’uguhakana ivyavuye mu matora yo muri 2015. Nibizi aboneraho n’akaryo ko gushimira igisirikare n’igipolisi c’Uburundi ngo k’ukuntu bakoresheje ubuhinga bwabo bagashobora guhagarika ihirikwa ry’ubutegetsi ryahatswe kuba kuwa 13 rusama 2015.

Umushingantahe Dr Jean MINANI we amenyesha ko ata nama rukokoma yigeze iba y’umugambwe Sahwanya-Frodebu Nyakuri kubera ngo ntamunywanyi w’uwo mugambwe n’umwe yoshobora kwitaba mw’iyo nkinamico. Abandanya amenyesha ko ubutegetsi bw’i Bujumbura ko buriko bugerageza kwiyegereza umugambwe Sahwanya-Frodebu Nyakuri kugira ngo ubwegukire nk’uko vyabaye ku mugambwe Uprona.

None Képhas NIBIZI yoba arinde?

Mu ncamake, Képhas NIBIZI yaraye atembagaje Dr Jean MINANI, yahora ari umwe mubagize komite ndongozi y’umugambwe Sahwanya-Frodebu Nyakuri iragi rya NDADAYE. Iyo mvukira yo mu ntara ya Makamba yagiye kuba umunywanyi w’uwo mugambwe mu mwaka wa 2010 haheze imyaka ibiri uwo mugambwe ubayeho. Akaba afise urupapuro rw’umutsindo rwo kuri kaminuza y’Uburundi “Licencié en sciences biologiques” guhera mu mwaka wa 2008. Arubatse akaba afise abana batatu hama gushika ubu akaba asanzwe akora mu bushikiranganji bw’intwaro ibereye.

 

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel