Scroll to Top

#Burundi|Ibikoko biba mu kigo “musée vivant” c’Uburundi ngo ntivyorohewe namba

By Indundi Staff / Published on Sunday, 29 May 2016 13:36 PM / No Comments / 5068 views

INGONA MUSEE

Nkuko tubikura mu kinyamakuro ”Burundi-eco”catohoje iyi nkuru, ibikoko vyororewe mu kigo ” Muséé Vivant c’I Burundi  ngo ntivyorohewe namba.

Yaba mu buryo bigaburirwa canke mu buryo bicumbikiwe, hose ngo harimwo ingorane. Duhereye aho babiye, akararorero kibonekeza cane ni aho ingona ziba. Amazi zibamwo , biboneka ko ziyamazemwo imisi myishi adahindurwa gushika naho yahavuye agasa n’umuhondo,ivyo bigatuma kwibaza  ko amabombo  ( robinets) yari yategekanijwe ngo arungike amazi mashasha yoba atagikora neza, canke kumbure naho yoba akora, ayo mazi ziba zimazemwo imisi myishi ataza arahindurwa  ngo hinjire mashasha.

Ku bindi bikoko naho, ikigaragara nuko vyinshi vyibana  kimwe kimwe mu kazu kaco ico naco nyene kikaba ari kimwe kandi cerekana ukubaho nabi kw’ivyo bikoko kuko navyo nyene ata nkeka ko bishobora kugira irungu kurya k’umwana w’umuntu.

Turetse n’iryo rungu rero rimwe na rimwe riterwa n’uko ico gikoko kiba gisigaye ari kimwe cisangije ubwoko iyo “musée” ifise;  ubuzu ivyo bikoko bibamwo ngo biraboneka neza ko ari nkaho vyibagiranwe. Ubuzu bwubatse kumwe kw’amazu ya kera ya Mitego, ngo buza  bwarabaye umusaka ngo  n’ivyatsi  vyarahavuye biramera hejuru.

ku ruhande rw’ibufungurwa vy’ivyo bikoko naho nyene ngo ibintu ntivyifashe neza namba. Uko biri ngo , ivyo bikoko bironka ivyo birya biguzwe mu mahera avuye mu baza kubigendera , abo nabo ubu ngo bakaba basigaye bari ku rushi cane, ari naco gituma ukuronga ivyo birya gisigaye ari ikibazo

SERPENT MUSEE

Hejuru y’ukwo kubura ibifungurwa, ibikoko vyinshi kandi vyororewe aho muri iyo ” muséé” ngo vyama biriko birapfa vyishwe n’igwara. Aha ngo ni nkacanecane inzoka zimwe zinini zinini kubera ngo ku mu bisanzwe ngo imiti izivura ngo isanzwe igoye cane kuronka na canecane kubera izimvye cane. Ivyo rero biri uko, mu kiringo inzoka zipfuye biheza bikagora n’ukuronka izindi zizisubirira kubera amashamba cimeza zavamwo aguma atemwa , aturirwa canke arimwa gutyo inzoka zahaba nyinshi zikicwa, izibishoboye zigahunga, n’ayo amagi yazo akayogezwa yose.

 

22,352 total views, 54 views today

Comments

comments