Scroll to Top

#Afrika y’epfo|Umushikiranganji yagirizwa kwinjiza mu gihugu umurundikazi ahonyanze amategeko.

By Indundi Staff / Published on Saturday, 04 Jun 2016 02:37 AM / /
Nosiviwe Mapisa Nqakula_0
Nosiviwe Mapisa Nqakula, Umushikiranganji w’ukwivuna abansi muri Afrika y’epfo.

Mu gihugu ca Afrika y’epfo, umugambwe utavuga rumwe na reta y’ico gihugu waritwariye umushikirangiji w’ukwivuna abansi, umupfasoni ”Nosiviwe Mapisa-Nqakula” umwagiriza kuba yinjije muri ico gihugu umupfasoni w’Umurundikazi akoreshejeje inguvu z’ubutegetsi afise mu kutarinda gusaba impapuro zisabwa kugira umuntu yinjire muri ico gihugu, akaba ngo yamutwaye mu ma mwaka wa 2014 mu ndege ya gisirikare .

Nkuko rero bishikirizwa n’ikinyamakuru RFI, iyo nkumi y’umurundikazi ngo yari isanzwe iri mu gihugu ca Congo cahoze ari Zaire( RDC) aho rero ngo yari isanzwe yagize ikibazo c’ukuronka impapuro z’ugushika mur’ico gihugu ca Afrika y’epfo.

Uwo mushikiranganji rero ngo yaciye yemera abanza guhindukiza indege  aca muri ico gihugu  ca  Congo uwo murundikazi yarimwo, ata kindi kimujanye atari ugutora iyo nkumi; gutyo ngo abona kumushira mu ndege baba barajanye. Ivyo bikaba bimaze indwi zibiri bimenyeshejwe n’ibinyamakuru vyo muri ico gihugu.

Nayo ku ruhande rw’uwo mupfasoni yatwaye iyo nkumi, wewe ntahakana koko ko yajanye muri ico gihugu uwo umurundikazi , yamara agasigura yuko yabikoze mu ntumbero y’ukumufasha kuko ngo yar’afise amakuru ko yakubagurwa cane na se wiwe yamwibarutse, maze rero ngo akaba yamutwaye kamuhungishe.

Yamara rero amakuru abikurikiranira hafi amenyesha vy’ukuri ko ivyo bishikirizwa n’uwo mushikiranganji w’ukwivuna abansi atari vyo kuberako ngo ahubwo uwo mwana w’umukobwa yoba yari asanzwe ari umugenzi w’umuryango w’uwo mushikiranganji.

Uwo mugambwe wamwitwariye rero usaba ko hoba amatohoze akozwe n’Inama Nshingamateka y’ico gihugu gutyo ngo bigaragare ko vy’ukuri uwo mushikiranganji w’ukwivuna abansi yoba yahonyoye  n’ibigirankana amategeko ategekanya iyinjira n’isohoka mu gihugu maze ngo aheze abihanirwe.

Amamuko y’inkuru: www.rfi.fr

 

Categories : africa news homepage

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel