Scroll to Top

#Burundi| Amashirahamwe 4 yagirizwa gukora urudandazwa rw’abantu

By La Rédaction / Published on Sunday, 26 Jun 2016 02:54 AM / /

traf humain

Nk’uko vyashikirijwe n’umushikirizamanza asanzwe ariko aratohoza urwo rubanza rw’idandazwa ry’abantu, umushingantahe Liévin Ndayisenga, ngo vyaragaragaye ko hari amashirahamwe amwamwe yagize uruhara rudasanzwe mubijanye n’urudandazwa rw’abantu rumaze igihe ruvurwa ko ruriko ruragirwa mu Burundi.

Uwo mushikirizamanza rero akaba yaboneyeho guhagarika ibikorwa vy’amashirahamwe agera kuri ane ariyo : ”Royal Service, International Recruting Company, Burundi Recruting Agency, Burundi General Services”.

Mu rwandiko yandikiye abarongozi b’ayo mashirahamwe, Liévin Ndayisenga yarasavye ashimitse ayo mashirahamwe ko yokora ibishoboka vyose agafasha sentare kugarukana vuba bwango abo bapfasoni n’abigeme barungitswe mu bihugu vy’abarabu bidaciye mu mategeko.

Aha mwomenya ko iyo ngingo yafatiwe ayo mashirahamwe yashitse mu gihe hari ivyegeranyo bitari bike vyagumye vyerekana ko abapfasoni n’abigeme barenga amajana abiri (200) aribo bamaze kurungikwa mu mpisho mu bihugu vy’abarabu.



Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel