Home africa news Wema Sepetu ngo asigaye asa n'umukecuru naho yagabanutse

Wema Sepetu ngo asigaye asa n’umukecuru naho yagabanutse

Inyuma yaho Wema Sepetu atereye ibiro bitari musi ya 50, uwo mwigeme ngo ubu mu maso hiwe hasa n’ah’umukecuru, abafana biwe bamwe bamwe bakaba babona ko vyiza yari kuguma uko yari.

Nk’uko amakuru dukesha ibinyamakuru vyo muri ico gihugu avuga, ngo uwo mukinyi w’amareresi akomeye muri ico gihugu ngo asigaye afise mu maso hiwe hadahumuriza benshi, naho we bivurwa ko yashikanye ukwo yipfuza. Kugarukana umubiri yarafise agitorwa kuba Miss Tanzania.

Ikindi kinavurwa kuba yaripfuza mu kugabanuka, kwari ukugira abashe gusama, kuko ukuvyibuha ngo nakwo kwari intambamyi ikomeye mu kuronka ico kibondo. N’abaganga mu buhindi aho yari yagiye kwivuriza banamusavye kugabanuka.

Uwo akaba we ata kinini abivugako, uretse ko abandanya abwira abantu gushira mu duhamagazo twabo App yiwe yitwa WemaApp ngo bikunde bakurikirane hafi ibikorwa vyiwe.

Mwokwibuka ko Wema Sepetu aharurwa muri bamwe mu bigeme bakomeye cane muvy’amareresi muri Tanzania, akaba avyinjizamwo amahera atari make.

Facebook Comments

Most Popular

Francine yerekanye iyo akura ubutunzi afise

Ikibanza Francine Niyonsaba agezeko uno musi ngo ntiyarazi ko yokigezeko. Ariko icamuteye gushika aho ageze, uwo munonotsi avuga ko ari ubwira, ubukerebutsi n'ukwitanga cane. Uwo...

# Indundi Sports | Abakinyi 5 babaye rurangiranwa mu mahiganwa y’iburaya mu gucenga cane

Naho amahiganwa amwe y'iburayi yarahagaritswe Ku mvo z'ikiza Coronavirus ntihobuze kuboneka abakinyi bakomeye babaye rurangiranwa mu gucega abandi muri uno mwaka, ndetse Neymar Junior...

Ukuri ku bivurwa kw’iyinjira rya Fabelove muri Empire Avenue Lab

Fabelove na Sat-B ubu imigenderaninire ni myiza cane naho vyashitse bagacanamwo ngo  ntazibana zidakomanya amahembe. Inyuma y’indirimbo Master umuririmvyi  Fabelove yasohoye ururirimbo Hange  indirimbo yakorewe...

# Indundi Sports |kirungo ntakigiye gukinira Etincelles Fc mu Rwanda

Nubwo bimwe mu bimenyeshamakuru vyo mu Rwanda vyamenyesheje ko umukinyi wo hagati mu murwi Olympic Star Kwizere Eric batazira  kirungo amaze kugurwa n'umurwi Etincelles...

Facebook Comments