Scroll to Top

#Burundi|Abanyagihugu ba Gitega basigaye bicira imanza

By Janvier Nzokurigomba / Published on Monday, 27 Jun 2016 08:40 AM / /

justice populaire

Mw’ijoro ryaraye rikeye, hari umuntu yafashwe ariko ariba ibitoke biri mw’itongo ry’ishule ryisumbuye ryitiriwe ibikorwa vya Leta ryo ngaho nyene i Gitega ”ETP GITEGA” (Ecole des Travaux Publics).

Uwo mugabo ataramenyekana neza ngo amaze gufatwa, abanyagihugu bo mu micungararo y’iryo shule baciye basidukana n’iyonka maze barengera kuri wa musuma barasenyagura bamusiga ari ikiruruma.

Amakuru dukura aho nyene i Gitega amenyesha ko uwo mugabo yahavuye munyuma yitaba Imana bivanye n’amahiri menshi yahuraguwe.

Igipolisi c’aho igitega kimenyesha ko camaze gutangura amatohoza yamara abanyagihugu b’aho bavuga ko ayo matohoza igipolisi cama kivuga ngo kiriko kiragira ngo nta nakimwe arigera avamwo ngo bikaba ari navyo vyateye agashavu kenshi abanyagihugu ko kuza barihanira mu gihe bafashe igisuma.

207 total views, 0 views today

Add Comment