Scroll to Top

#Burundi|Harageze ko ihohoterwa ry’ikiremwa-muntu turisezerera mu Burundi

By La Rédaction / Published on Monday, 27 Jun 2016 10:31 AM / /

Kuva kw’igenekerezo rya 11 ntwarante gushika kw’igenekerezo rya 24 ruheshi uwu mwaka wa 2016, abantu bahagaritswe gihutihuti bimwe bita ”arrestations arbitraires” mu rurimi rw’igifaransa ngo bagera kuri 500 ibiharuro mfatakibaza nk’uko vyashikirijwe na ”campagne SOS-torture” kuri uwu wa 26 ruheshi uwu mwaka mu gihe hari haramutse hahimbazwa umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe ugufatamunda abahohotewe.

Nk’uko vyashikirijwe n’umushingwamanza akongera akaba n’umurongozi w’ishirahamwe ”Acat-Burundi”, Me Armel NIYONGERE aramenyesha ko muri abo bafashwe abagera kuri 42 barahohotewe cane aho bamwe babohwa amaboko n’amaguru, abandi nabo bagakubagurwa biteye ubwoba.

Arongera akamenyesha kandi ko muri ayo mezi atatu hibonekeje abarengeye ubutungane maze bagafata ingendo y’ukwihanira, aho abantu bagera kuri 29 bahuye n’iyo ngendo igayitse y’ukwihanira, abandi bagera kuri 23 baranyuruzwa gushika n’ubu ntawuramenya irengero ryabo.

Uwo mushingwamanza Armel aributsa ko ivyaha nk’ivyo vy’ugutoteza abantu, kwihanira ndetse n’ukunyuruza ko biri mu vyaha bikomeye bituma agateka ka zina muntu gatosekara, akaboneraho rero akaryo k’ugusaba umuntu wese ko umusi wa 26 ruheshi womubera akaryo ko  gushira ahabona ayo mabi yose yakozwe yaba uwayakoze canke uwayakorewe maze hashobore gutorwa umuti urama w’ugusezerera burundu ako kabi kabishe.

 

93 total views, 0 views today

Add Comment