Scroll to Top

#Burundi| Arabie-Saoudite ngo gifise ivyemezo vy’uko hari abarundikazi bajanwa muri ico gihugu

By La Rédaction / Published on Wednesday, 29 Jun 2016 01:37 AM / /

Ministr de l'interieur Arab-saoudit

Nk’uko biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’igihugu ca Arabie-Saoudite kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 27 ruheshi 2016, ico gihugu kibicishije ku mushikiranganji waco w’intwaro yo hagati mu gihugu, caramenyesheje ko gifise amakuru yemeza neza ko hari abigeme n’abapfasoni b’abarundikazi bariko binjizwa mu mpisho muri ico gihugu bagiye gukora akazi ko mu mazu.

Ubwo bushikiranganji bugasaba rero igihugu c’Uburundi ko coreka kuza kirarungika abo bapfasoni n’abigeme kugira ngo kibanze gikemure ibibazo bimwe bimwe biri hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Mwokwibuka ko hari haheze imisi hari amashirahamwe atandukanye yaguma asemerera ko hari abapfasoni n’abigeme b’abarundikazi baguma bajanwa muri ivyo bihugu vya Arabie-Saoudite na Oman, aho ababajana bababwira ko bagiye kubahereza akazi k’ugukora ko mu mazu, ariko nk’uko abashoboye gutoroka bakava mw’ivyo bihugu babimenyesha, bavuga ko bamaze gushika mw’ivyo bihugu bakorerwa amabi atagira izina aho bamwe bakoreshwa mu busambanyi abandi bagakoreshwa nk’abaja (esclaves).

106 total views, 0 views today

Add Comment