Scroll to Top

#Burundi|Ba rusenyanzugi ntibagiye kworoherwa muri ino misi.

By Janvier Nzokurigomba / Published on Wednesday, 29 Jun 2016 02:29 AM / /

Vol a Ngagara

Mu gatondo ko ku musi w’ejo ku wa kabiri igenekerezo rya 28 ruheshi 2016, havyutse humvikana amasase menshi muri karitiye ya gatatu yo muri zone ya Ngagara mu gihe c’isaha icumi z’agatondo.

Amakuru dukura mu gipolisi amenyesha ko bari abasuma bagera kuri batatu bariko barabomora kugira ngo binjire mu budandarizo (kiosque), busanzwe buri kw’ibarabara rya Busumokugira ngo bibe ibidandazwa vyari biri muri iyo ”kiosque”.

Abanyagihugu bo mu micungararo y’aho hari ubwo budandarizo, bamaze kwumva abo basuma bariko barabomora, baciye babimenyesha abajejwe umutekano hakiri kare aho bashitse basanga bamaze guheza kubomora iyo ”kiosque” bariko baratwara ibidandazwa maze batangura kubarasa.

Nk’uko bibandanya bishikirizwa n’igipolisi nyene, ngo umwe muri abo basuma akaba yarakomeretse ku kuguru hama abandi babiri barabasiga,┬ákandi ngo barashoboye kubatesha ivyo bari bamaze gusahura muri iryo dandarizo.

Uwo mudandaza yarashoboye guca yegeranya ibidandazwa vyiwe vyasanzaye hama uwo yakomeretse nawe baraheza bamujana kwa muganga.

Bamaze kuraba ibimuranga, uwo yakomeretse basanze ava mu ntara ya Kayanza hama akaba yamenyeshe abajejwe umutekano ko yahora yibera ku kibuga c’ishule ryisumbuye ryo mu Kamenge (ETS Kamenge).

Igipolisi kikaba carashimiye cane abanyagihugu b’aho mu Ngagara congera kibasaba ko n’ejo n’ejobundi hagize ico babona kitameze neza, ngo bazohore bihutira kukimenyesha abajejwe umutekano hakiri kare.

 

188 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi security

Add Comment