Scroll to Top

#Burundi|Umugizi wa nabi umwe yishwe abandi bane barafatwa

By La Rédaction / Published on Wednesday, 29 Jun 2016 14:17 PM / /

soldats-burundais-en-patrouille

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 29 ruheshi 2016, mu ntara ya Bururi neza na neza ku mutumba wa Mubuga, zone Gasanda, komine n’intara ya Bururi, havyutse humvikana urwamo rwinshi rw’amasase aho ngo hari abagizi ba nabi bitwaje ibirwanisho batanye mu mitwe n’igisirikare hamwe n’igipolisi c’Uburundi.

Nk’uko vyashikirijwe na Buramatari atwara iyo ntara ya Bururi, umushingantahe Christian NKURUNZIZA, ngo mu gitondo ca kare barose amakuru abamenyesha ko hari abantu bitwaje ibirwanisho bagera kuri icumi n’umwe (11) bari binyegeje ku mutumba wa Mubuga, hama ngo baciye bikora ku basirikare n’abapolisi kugira bagende kuraba abo bantu.

Bamaze kuhashika, ngo ntivyahavuye biba ivyoroshe kuko ngo baciye batangura kurasana aho ngo hashoboye gufatwa bane muri abo bagizi ba nabi uwundi umwe nawe arahasiga ubuzima.

Amakuru dukura mu gipolisi c’Uburundi aramenyesha kandi ko hari n’inkoho zigera kuri zitanu zo mu bwoko bwa kalachnicov zashoboye gufatwa.

 

49 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi security

Add Comment