Scroll to Top

#Burundi|Uwu musi ngo umutekano uracunzwe mu gisagara ca Bujumbura

By La Rédaction / Published on Friday, 01 Jul 2016 00:52 AM / /

vil

Mu gihe kuri uno musi uri hejuru, igenekerezo rya mbere mukakaro 2016 abarundi baramukanye urubanza rw’ukwibuka imyaka mirongo itanu n’ine (54) igihugu c’Uburundi kimaze cikukiye, abajejwe umutekano ngo ntaco batagize kugira ngo umutekano umere neza mu gisagara ca Bujumbura ndetse no mu ntara hagati mu gihugu.

Iryo cungerwa ry’umutekano rikaba ryari ryaremejwe n’umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi Pierre Nkurikiye aho yari mu myimenyerezo y’intambuko gisirikare barimwo ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore ku musi wa gatatu uheze aho yamenyesha ko umutekano uzoba ucungerewe bidasanzwe i Bujumbura no mu gihugu hagati.

Guhera rero mu gitondo c’uno musi, uruja n’uruza mu gisagara ntirwibonekeza na canecane impande n’impande y’ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE aho hari abajejwe umutekano n’abasirikare baguma bahacunze kuko ninaho haza kubera ibirori nyezina vy’ukwibuka iyo myaka 54 Uburundi bumaze bwikukiye.

66 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi security

Add Comment