Scroll to Top

#Burundi|Hibonekeza imirongo y’ab ‘Islam ku ma banki yo mu gisagara ca Bujumbura

By Editor /Published on Tuesday, 05 Jul 2016 07:58 AM // 862 views

Uraja n’uruza rw’ abahurikiye mw’idini rya Islam mu gisagara ca Bujumbura ni rwishi, kuva kur’uwu wa 03 Mukakaro (07) hibonekeza abakenyezi  bitwikiriye cane cane ku ma banki y’ubudadaji.

thumbs_b_c_7ac6a552f31aff9c48abcd2d9dcc710a
isanamu y’amasengesho yo ku musi wa l’Aïd ku musigiti wo mw’ijabe

N’impapuro mu minwe abenshi bagatumbera  ku ma Guichet ya  western union biboneka ko incuti zabo zo mu mahanga ziriko zibarungikira uburyo bw’uguhimbaza umusi mu kuru wa  l’Aïd-el-Adha  ( Rayidi) . Ivyo bikaba biruko mu gihe amasaha asigaye ari make cane ngo ikiringo c’amafungo ya Ramadhan kirangire.

Ahandi hibonekeza aba Islam ni mu masoko y’impuzu aho ni nko muri Village Market aho abadandaza batumenyesha ko hariho akarusho baravye uko bari bamaze imisi badandaza.

Bamwe mu bo twashoboye kuyagana batumenyesheje ko muri bino bihe bigoye gukora imisi mikuru ku mvo z’ubukene, ariko ko ar’umugirwa badashobora kwirengagiza kuko ar’umsi mukuru wa gaciro. Uwo musi mukuru ugahimbazwa ukw’umwaka utashe kw’igenekerezo rya 10 ry’ukwezi Dhou-l-Hijja  ukwezi kwa Kigarama mu kirangamisi c’ab ‘Islam (12).

I l’Aïd  rero ukaba aru musi mukuru w’itirirwa intama, inkomoko yayo akaba asr’igihe Burahamu Sokuru w’abemera Chritu yari yasabwe n’Imana gutanga umuhungu wiwe w’ikinege Isaac nk’ishikanwa nawe ntiyagabitanya, agiye ku mutangako inkunka Imana ica imurungikira iki masa c’Intama aba ariyo ashikana(Genèse chapitre 22). Ngiyo imvo nyezina kur’uwo musi haribwa intama nyishi.

 

Categories : homepage kirundi

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel