Scroll to Top

Nshimirimana Jospin yatowe nk’umukinyi yaranze urukino rwabahuje na Moritius

By Radjabu Bosingwa / Published on Thursday, 16 Jan 2020 09:18 AM / /

Inyuma y’aho umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba userukiwe n’umugwi Aigle Noir hama zikitwara neza mu kunyagira Moritius ibitsindo 4-1, umukinyi Nahimana Jospin yashoboye gutsinda ibitsindo 3 wenyene muri urwo rukino ivyatumye atorwa nk’umukinyi mwiza yaranze urwo rukino.

Akaba yahawe agashimwe kerekana y’uko yatowe nk’umukinyi mwiza yaranze urwo rukino rwo mw’itsinda B ry’imigwi nserukirabihugu ryitwa Golden Cup Bangladesh ririko ribera mu gihugu ca Bangladesh.

Ni intango nziza kuri Nshimirimana Jospin mu kwiyerekana neza muri ayo mahiganwa ibishobora gutuma agomwa n’iyindi migwi yo muri ico gihugu niyabandanya yitwara neza.

Add Comment