Scroll to Top

#indundi | Isabukuru Pamoja Festival i Bujumbura rizohuza ibihugu bitatu

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 14 Jul 2016 04:28 AM / / 643 views

Abaririmvyi aba Djs, hamwe n’abatamvyi bakomoka mu bihugu bitatu nibo bazokwitabira isabukuru Pamoja Festival I Bujumbura kuri karera Beach kuri uyu wa 24 mukakaro guhera isaha umunani.

Aho bukera igenekerezo rya 24 mukakaro hazoba ari ku musi w’Imana ngo ibihugu bitatu birimwo Uburundi, Kenya n’Ubugande ngo nivyo bizoba biri hamwe ngo biteramishe abarundi ku mucanga w’ikiyaga Tanganyika. muri ico gikorwa citiriwe Pamoja Festival ngo caje kugira abantu babone umusi bahurirako ngo baryherwe hazoba hatumiwe abaririmvyi, aba DJ, hamwe n’abatamvyi.

Nkuko Hugues Safari yabiyagiye imboneshakure Indundi Tv ngo uwo musi abaririmvyi b’abarundi bamenyerewe cane nka Redemption Voice, Heavenly Melodies, Prince Mshindi, Masezerano n’abandi bazoba bitabiriye ico gikorwa kidasanzwe.

Mu gihugu ca Kenya n’ubugande ngo hazovayo abaririmvyi nka HOLY KEANE Amooti int’l n’abindi bihangange mu muziki uhimbaza Imana baherekejwe n’aba Dj bakomakomeye bakomoka muri ivyo bihugu nyene. 

 

Kurikirana aho musi uko vyasobanuriwe kuri Indundi Tv 

 

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel