Scroll to Top

#indundi | Ashley bamwagirije ko agiye gukina ireresi z’ibiterasoni

By KING YANN COOL / Published on Friday, 15 Jul 2016 06:01 AM /

Imishamirano ni yose ku rubuga rwa Facebook rw’umuririmvyikazi Ashley Diva, ivyo bikaba bivuye kw’ishuhso yashize hanze we nyene ubwiwe.

Ibitutsi  ni vyinshi muri commentaire z’imwe mu mashusho Ashley Diva aheruka gushira ku rubuga rwiwe rwa facebook nkuko amakuru dukura ku rubuga nyene abandanya abishikiriza.

<<Ukora neza canke ukore nabi abantu bazoguma bavuga. Uraba wewe ubeho ubuzima bwawe…. Ico abantu banyiyumvirako siko kazi kanje. Amasanamu ya Dibi Dibi ariko araza.>> Ubwo nibwo butumwa Ashley diva yashize ku rubuga rwiwe aho bwaherekejwe n’ishusho yiwe ariko aratambisha igisusu aho yari yambaye impuzu imufata(collant) itabutse gushika ku gisusu iri mw’ibara risa n’igice kimwe c’umushatsi wiwe, vyose bikaba bifise ibara ritukura.

Abagize ico bashikiriza kuri Iyo shusho bakaba bamenyesheje ko ubutumwa ari bwiza ko ata kwihenda kwabayemwo ariko ko yarakwiye kwigenga ibanga kuko hari ibintu bidakwiye kwerakanwa  mu mico y’ikinyafrika . abandi bo bakamubwira ko n’abamusumvya kumenyekana bikwiza.

Naho abantu bamwe bariko babaona uruhande rwubi rw’iryo sanamu rya Ashley Diva, hari abandi bo bariko babona ko umengo nta kibazo birimwo, aho bahanura abariko baramutuka ko afise uruhusha rwo gukora ico ashaka kandi ngo ibitabaraba bakwiye kuraba hasi.


 Ubu rero hakaba hari imishamirano kuri urwo rubuga rwiwe rwa facebook aho bamwe bamutuka abandi bakamutera amashurwe. Mu gihe rero abantu bamaze kuvuga akatari gake we akaba ari mu gacerere ntangere.

Mwomenya ko yaheruka gushira ahabona indirimbo yiwe nshasha yise Dibi Dibi aho yayikoranye n’umuririmvyi w’umunya Kenya yitwa Choppah.

Dibi Dibi By Ashely Diva Ft Choppah Dancehall King


Tagged as:

Add Comment

Comments (1)

Guest
2016-07-16 00:00:00

ivyo ntibibaraba . harubusa bwiwe mwabonye ga yemwe. abarundi dukunda kwita mubitaturaba

Write a comment ...
Post comment
Cancel