Scroll to Top

#indundi | Ikiganiro Humura Burundi co kuri uyi wa 17 Mukakaro 2016

By Editor / Published on Sunday, 17 Jul 2016 14:42 PM / No Comments / 3603 views

Ikiganiro Humura Burundi co kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 17 mukakaro mugishikirizwa na Sandrine Nkurikiye, nayo Aimée Styve Niyungeko akaba ariwe Muhinga w’ivyuma.

Mu gihe kuri uyu wa 17 mukakaro hatangura inama y’abakuru b’ibihugu bo mu muryango w’ubumwe bwa afrika mu gihugu c’urwanda, Uburundi ntibwitavye. Ivyo rero banyepolitique batandukanye bagiye barabivugako, kubwa Jacques Bigirimana arongoye FNL avuga ko ataco Uburundi buhahombeye, nayo Leonce Ngendakumana ari muri Sahwanya Frodebu amenyesha ahubwo ko kubona Uburundi bwikumira ari bibi mu gihe ingorane burimwo zotorerwa umuti muri iyo nama bufashijwe.

Ngo bitebe bitebuke abakora amabi mu Burundi bazoteba bakubitwa intahe mu gahanga, ivyo vyavuzwe n’umushingwamanza Lambert Nigarura mu gihe uyu musi ariho amakungu yahimbaza umusi wahariwe ubutungane mpuzamakungu.

Mu kiganiro humura Burundi murumva amakuru ajanye n’umutekano, aho ku mugoroba w’ejo mu ntara ya kayanza hatowe amagrenade 11 ku muntu ngo asanzwe ari umunywanyi wa CNDD FDD, nayo uwundi munywanyi wa CDD FDD yarishwe n’imbonerakure aho muri commune Ndava mu ntara ya Mwaro, ngo uwamwishe ari mu murwi w’imbonerakure yarafashwe, abanyagihugu bakaba bagatinya ko azohava arekurwa intahe itamukubise mu gahanga.

Ayo n’ayandi menshi Umviriza aho musi

22,472 total views, 101 views today

Comments

comments