Scroll to Top

#indundi | Nta duhuzu two musi tuzobamwo naho zizoba arizo muci

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 20 Jul 2016 16:24 PM / /

Nta twenda tw’indani tuzerekanwa muri défilé ya Jupiter Design  izoba kuri uyu wa 5 myandagaro. 

Aho bukera mu kweri kw’umunani kuri star hôtel ngo inzu y’abanyamideri Jupitel Désign ngo izobereka ibikorwa bishasha baherula gushira ahabona.

Impuzu zizerekanwa uwo musi ngo zizoba ziri mu gitigiri c’izambarwa mu misi y’ubushuhe(summer), izo mpuzu ngo ni nshasha nta handi zirakaboneka.

Izo mpuzu zikorwa n’umurindikazi asanzwe yiga mu bufaransa, ngo nta mpuzu zitajanye n’umuco ndundi zizobonekamwo nkuko nyene iyo nzu yavyemeje mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru.

13669795_1564241510549502_1028406420944913366_n

Jupitel Design yabandanije imenyesha ko urwo rubanza ruzitwa Summer Fashion kubera ari muci kandi ari no impuzu zo muci nyene.

Bidukundiye Imana ikaduha akanya n’amagara tuzegera nyene Jupitel atubwire uko yatanguye ico gikorwa kidakorwa na bose.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel