Scroll to Top

#Burundi|Ubwidagaduriro ”Arena” ntibuje buvyorosha mu gisagara ca Bujumbura

By La Rédaction / Published on Saturday, 23 Jul 2016 02:08 AM / /

Arena boite

Ubwidagaduriro bwo mw’ijoro bushasha ”Boîte de Nuit”, bwaraye bwuguruwe mu gisagara ca Bujumbura neza na neza kw’ibarabara ryitiriwe Leta zunze ubumwe za Amerika.

Abiyumviriye uwo mugambi akaba ari abahora bafise ubundi bwari buzwi kw’izina rya ”Kiss Club”, hama bamaze kuja hamwe bariyumviriye babona ko vyoba vyiza buguruye ubundi bufise ico busumbije ubwo bahorana.

Mu gihe bari bamaze kubutunganya neza, baciye babutoreye izina rya ”Arena”.

Ni ubwidagaduriro bumeze neza usanga bwakaka mu gisagara ca Bujumbura, kandi bwubatswe ku buhinga bwa none, bukaba bwakira abantu neza eka ibintu vyaho vyose ni top.

Bugizwe na ”Restaurant, Bar-Lounge, Fitness, Piste de danse”, n’ibindi vyinshi. bakaba barashize mu bibanza vyose ibisharizo bimeze neza cane.

 

Categories : homepage kirundi Tourism

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel