Scroll to Top

#Burundi MissBdi|Abigeme 12 basigaye mw’ihiganwa barashoboye gufasha abanyagihugu bo mu Buterere

By La Rédaction / Published on Saturday, 23 Jul 2016 02:57 AM / / 631 views

Miss Bdi Gtmba

Abigeme 12 basigaye mw’ihiganwa rya ”Miss-Burundi2016”, ejo ku musi wa gatanu igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016 biriwe mu Buterere mu bikorwa bijanye n’ugufasha abanyagihugu bo ngaho mu Buterere.

Umukuru wa zone Buterere akaba yarashimye cane ico gikorwa c’abo bigeme, aho amenyesha ko kubera ubufasha bwabo m’uguhimiriza abanyagihugu bo mu Buterere kuja kwandikisha abana babo, abana bagera kuri 500 ngo barashoboye kwandikwa muri Komine ivyo ngo bikaba ataho vyari bwaboneke muri Buterere.

Uwo mukuru wa zone Buterere akaba yaribukije abanyagihugu ko abana banditswe baronka uturusho twinshi na canecane kuvurwa n’ugusomeshwa k’ubuntu.

Abo bigeme 12 bamaze kuva ng’aho mu Buterere, bakaba baciye baja mu nkambi y’abatwa aho bagerageje kubasigurira akamaro k’ukwipimisha ca kiza ruhonyanganda SIDA.

Gatumba Miss Burndi

Abigeme Gretta, Claudia na Belnice, nibo baciye babatangurira maze bababera akarorero m’ukuba abambere mu kwipimisha uwo mugera aho nyene mw’iyo nkambi y’abatwa.

Abatwa barenga ijana bakaba nabo nyene barashoboye kwipimisha uwo mugera wa VIH/Sida.

 

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel