Scroll to Top

#Burundi|Ibanki nkuru y’igihugu BRB isaba abavunja amafaranga y’agaciro kwubahiriza amategeko

By La Rédaction / Published on Saturday, 23 Jul 2016 04:34 AM / /

Gouverneur de la BRB

Buramatari wo muri Banki nkuru y’igihugu BRB yarabonanye n’abasanzwe barongoye amazu asanzwe avunjishirizwamwo amafaranga y’agaciro ”bureaux de changes” agera kuri mirongo itandatu n’atandatu(66).

Uwo mubonano ubaye mu gihe hamaze igihe kitari gito mu Burundi hibonekeza ikena ridasanzwe ry’amafaranga y’agaciro ivyo bigaca bituma amafaranga y’Uburundi ata agaciro bimwe bidasanzwe.

Ni mu ntumbero y’ugutorera umuti ico kibazo ubuyobozi bwa BRB bwategekanije uwo mubonano kugira ngo busabe abasanzwe bakora igikorwa c’ukuvunja amafaranga y’agaciro ko boza barakora ku mugaragaro bakongera bagakurikiza amategeko agenga urudandazwa rw’amafaranga y’agaciro.

Bitagenze uko, abo bakora ico gikorwa c’ukuvunja amafaranga y’agaciro ngo barashobora gufatirwa ibihano bikomeye.

Hambavu y’ukwubahiriza igiciro kiba cashinzwe n’ibanki nkuru y’igihugu BRB, ayo mazu avunja amafaranga y’agaciro ngo ategerezwa kwama atanga icegeranyo c’ibikorwa vyabo buri musi kandi ngo ntarekuriwe kurenza amafaranga y’abanyamerika angana na 3000 ku muntu ku musi, akongera agatanga ama ”borderaux de change” ku bantu baba baje kuvunjisha amafaranga y’agaciro canke baba baje kuyagura.

Abo basanzwe bavunja amafaranga y’agaciro bakaba barashimye iyo ngingo, maze baraheza basaba ibanki BRB ko yoza iraborohereza mu bikorwa vyabo na canecane muri bino bihe bigoye, iheze ifate mu minwe ico kibazo m’ukugabanya amafaranga y’ubugenduzi, ngo bitagenze uko igiciro c’amafaranga y’agaciro kizoguma kiduga kandi ngo ntibizoba bitumwa n’abo bavunjayi ngo bizoba bitumwa n’ikindi kintu.

Ibanki nkuru y’igihugu BRB ntihakana ko hari ikena ry’amafaranga ku rwego rw’isi yose ariko ikibutsa ko ubudandaji bw’amafaranga bufise akamaro kanini mu gihugu ari nayo mpamvu hategerezwa kuba amategeko agenga urwo rudandazwa kandi agategerezwa kwubahirizwa.

BRB ngo ifise n’umugambi w’ugushiraho ubuhinga bwa none buzoba bufise igikorwa c’ukugenzura ingene amafaranga atembera mu gihugu, gutyo ngo bizoheza bifashe gukurikirana neza ingene abavunjayi bakora mu mazu asanzwe avunja ayo mafaranga atandukanye.

M’ukurindira ubwo buhinga, abo bavunjayi bahamagariwe kuba barakurikiza ayo mategeko ahari ubu mu gihe atarasubirwamwo.

Categories : Economy homepage kirundi

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel