Scroll to Top

#Indundi Sports|Vital’o FC ntavyinshi izi kw’igenda rya Hussein Tchabalala muri Amagaju.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 02 Aug 2016 11:12 AM / /

tchabalalaInyuma y’aho umukinyi Hussein Tchabalala asinyiye mu mugwi wa Amagaju, amakuru ava mu mugwi wa Vital’o FC yahoramwo, bemeza ko iyo nkuru bayumva uko, uyo mukinyi  atigeze asezera indongozi z’uyo mugwi.

Umushingantahe Benjamin Bikorimana avugira kuri imwe mu maradiyo yahano mu gisagara ca Bujumbura, yamenyesheje ko igenda ry’uyo mukinyi baryumva uko nabo. Yongeye amenyesha ko uyo mukinyi  agifise amasezerano n’umugwi wa Vital’oFc ndetse akiri muri uyo mugwi.   Amakuru twahavuye tubwirwa na bamwe mu begereye hafi uyo mukinyi n’uko amasezerano y’uyo mukinyi yoba yaraheze atari bwongeze ikiringo muri Vital’o FC.

Tubibutse ko Hussein Tchabalala yaraye asinye mu mugwi wa Amagaju ku masezerano y’imyaka ibiri, Amagaju ukaba uri umwe mu migwi yo mu  cicaro ca mbere mu Rwanda ukuze umaze imyaka myinshi.

222 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment