Scroll to Top

#indundi | Uburyo abubakanye baryama bisigura vyinshi mu mubano wabo

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 11 Aug 2016 12:35 PM / No Comments / 729 views

Uburyo abubakanye baryama ngo vyerekana vyinshi mu bucuti buri hagati yabo nkuko amakuru dukesha Dailymail abishikiriza. Ayo makuru amenyesha ko ukuryama bategeranye kw’abubakanye kwerekana urugero rw’urukundo bafitanye canke uburyo uko ibintu vyifashe muri ico gihe.

couple-triste-3-472x266
Photo : Africa press

Ubushashatsi bwakozwe n’abahinga bo muri kamenuza ya Hertfordshire muri bwongereza Ku bubakanye bagera Ku 1100 bwerekana ko uburyo abubakanye baryama bwerekana urugero rq’urukundo rwabo aho rugera.

Ayo makuru nyene abandanya amenyesha ko abubakanye begerana ijoro ryose iyo baryamye, ngo vyerekana ko umubano wabo uhagaze neza. Ariko abahana umwanya ungana n’ama centimetero 76 canke zirenga baryamye ngo umubano wabo uba utifashe neza na gato. Ivyo bakabishikiriza bisunze ubushakashatsi bwakozwe.

Samuel Dunkell umushashatsi mu bijanye n’ukumenya ubuzima bwo mu mutwe mu bushashatsi yakoze yerekana ko abantu baryama bihinye ari abanyabwoba kandi bakekeranya cane.

Uwo mushashatsi abandanya avuga ko abubakanye baryama bagoroye amaguru ngo barumvikana kandi ntawukora ico atayaze na mugenziwe.

Ubwo bushakashatsi nyene bwerekana kandi ko abaryama imibiri yabo yegeranye cane bizerana gose ngo ntaco bahishanya ngo ngo baruzuzanya muri vyose.

Mu ncamake ngo abubakanye bagera ku bice 42% baryama bahanye imigongo, 31% nabo baryama barabana ariko bategeranye, ibice 4% gusa nabo ngo baryamana imibiri yabo yegeranye cane kandi barabana.

17,344 total views, 95 views today

Comments

comments

Categories : Featured homepage kirundi