Scroll to Top

#Indundi Sports| CECAFA y’abigeme igiye gutangura mu gihugu c’Ubuganda mu kwezi kuza.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 29 Aug 2016 12:10 PM / /

DSC00158Ku makuru twaronse muri kano kagoroba, n’uko ihiganwa ry’abigeme ry’akarere k’ubuseruko bushira hagati bw’Afrika, rigiye gutangura mu gihugu c’Ubuganda mu bisagara bitandukanye vy’ico gihugu  kuva kuwa 11 gushika 20 Nyakanga. Aho imigwi nserukirabihugu bitandukanye izitabira ayo mahiganwa.

Umugwi nserukiragihugu w’abigeme ukaba umaze iminsi witegurira amahiganwa, aho bakora imyimenyerezo kabiri ku ndwi kuva mu kwezi kwa gatandatu.

Imigwi ikaba yashizwe mu rutonde rukurikira:

Itsinda A: Uganda,Kenya, Burundi, Zanzibar

Itsinda B: Ethiopia,Tanzania, Rwanda

Uburundi bukaba buzokina urukino rwambere na Zazimbar, umunsi wugurura amahiganwa. Tubibutse ko ari iryambere mu mateka y’umugwi nserukiragihugu w’abigeme, uja mumahiganwa mpuzamakungu.

 

 

45 total views, 0 views today

Add Comment