Scroll to Top

#Indundi Sports| Bruno na Rudy Cantanhende bigenjeje neza mw’ihiganwa rya Rallye mu Bufaransa

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 30 Aug 2016 00:25 AM / /

lozerreKuva ku munsi wa gatanu w’indwi iheze gushika ku w’Imana, mu gihugu c’Ubufaransa hari hatunganijwe amahiganwa y’ugusiganwa n’imiduga, muri Rallye yitiriwe Rallye Terre de Lozere, ikaba yari yitabiriwe n’abanyonzi bavuye imihingo myinshi y’isi, hakaba harimwo Abarundi bagera kuri babiri: Bruno na Rudi Cantanhenede basanzwe bavukana.

Ku miduga 130 yitavye iryo higanwa, 65 niyo yashoboye gushika ku munsi wa nyuma, abanonotsi b’i Burundi bo mu rwego rwa A, n’ukuvuga mu bwoko bw’imiduga yahinduwe ngo ikore amahiganwa y’ugusiganwa ariko atarico yakorewe, bashoboye kuba abagatatu mu miduga 30.

Ku makuru duhabwa na Adon Negamiye asanzwe ari umunyamabanga w’shirahamwe  ry’ugusigamwa ku miduga, ngo   ni akanyamuneza  nta ngere muri iryo shirahamwe kubona ibendera ry’Igihugu  cacu rihungabana mu makungu.

Tagged as:

Add Comment