Scroll to Top

#Indundi Sports| Bamwe mu bakinyi batazogaragara muri Super Coupe yo kuri uno wa gatandatu.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 01 Sep 2016 21:38 PM / /

arthurKu munsi wa gatandatu , igenekerezo rya 3 Nyakanga, uno mwaka mu gisagara ca Gitega, hategekanijwe urukino rwa Super Coupe ya hano mu Burundi hagati y’imigwi ibiri nayo ni Vital’O FC yatwaye igikombe c’ihiganwa ry’umuwaka uheze hamwe na Messager Ngozi yatwaye igikombe c’umukuru w’igihugu.

Bamwe mu bakinyi b’iyo migwi kandi bakomeye , ntibazitabira urwo rukino kuko bari mu bakinyi 16, bafashe indege berekereza igihugu ca Niger bagiye mu mugwi nserukiragihugu.

Ku ruhande rwa Vital’O FC abatazoba bahari ni :  Arakaza Mac Arthur, David Nshimirimana, Issa Hakizimana, Kiza Fataki.

Messager Ngozi ni umwe gusa: Nsabumukama Enock.

Iyo migwi mu kiringo c’umwaka ikaba igiye guhura incuro yabo igira gatanu, mbega ninde azotahukana itsinzi. Tubibutse ko Vital’o FC izoserukira igihugu mu mahiganwa ya Champions League ya Afrika mu gihe Messager Ngozi nayo izoserukira igihugu muri Confederation Cup.

Add Comment