Scroll to Top

#Burundi|Rumonge : Iyicwa ry’umuntu ryagirizwa umuryango w’abarovyi ryatumye abantu 10 bahunga.

By Indundi Staff / Published on Tuesday, 13 Sep 2016 13:30 PM / /

pecheurs

kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 11 Nyakanga 2016; umukuru w’umuryango n’umuhungu wiwe w’imyalka 13,bafungiwe mw’ibohero ryo mu Rumonge,ngo boba bagirizwa kuba baragandaguye umuntu.

Abandi bagize uwo muryango bakaba baciye bayanyaga kumvo z’umutekano wabo; mugihe bariko barategwa ubwoba ko bashobora kwicwa umwanya wose n’abanyagihugu bo ngaho kur’uwo  musozi Minago muri komine n’Intara ya Rumonge.

Abo banyagihugu bakaba bagiriza ubwo bwicanyi uwo muryango, ngo kuko basanze ikiziga c’uwo muntu  musi y’ubwato bwo kuroba aho basanzwe bakorera mu kiyaga Tanganyika ariko rero guca bibaza ko  uwo muntu yoba yatanzweko ikimazi ku bemera  ibintazi.

 

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel