Scroll to Top

#Indundi Sports| Mavugo Vs Tambwe (Simba SC Vs Yanga Africans) ku wa mbere Gitugutu.

By Alain Muhirwe /Published on Friday, 23 Sep 2016 00:45 AM // 1294 views

simba-vs-yangaHasigaye iminsi itari myinshi ngo urukino ruhuza imigwi ifise kahise mw’ihiganwa ryo muri Tanzania(Simba S c- Yanga Africans), urwo rukino rukaba rutegekanijwe mu ntango z’ukwezi kw’icumi buca dutangura.

Amaso y’abakunzi b’iyo migwi akaba ahanze amaso  abakinyi b’abasatirizi b’abarundi bo muri iyo migwi. Laudit  Mavugo akinira Simba SC afise ibitsindo bitatu mu nkino zitanu  hamwe n’imipira ibiri ivyara ibitsindo. Tambwe Amissi afise nawe nyene ibitsindo bitatu mu nkino zitanu.

Simba SC iri mu kibanza ca mbere n’amanota 13, Yanga Africans ikaba iri mu kibanza ca kabiri n’amanota 11, mu  nkino iyo migwi iheruka gukina, yose ikaba yaratsinze inkino zabo.

Igitandukanye n’umwaka uheze n’uko  Simba Sports Club, muri kino gihe ufise abakinyi bakomeye ku mpande zose mu gihe ku kumwaka uheze wari uhobahoba cane.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel