Scroll to Top

#Burundi| Agashimwe k’intwazangabo yagirizwa kugandagura Adjudant Nyongera.

By Indundi Staff / Published on Wednesday, 28 Sep 2016 05:57 AM / /

bisanga

Leta y’Uburundi ngo iguma ishimira abantu ihora yikorako mukwica canke mu gukora ayandi mabi yo guhohotera abanyagihugu.Uwuza kw’isonga akaba ari Majoro Claver Nahimana batazira”Gikanya “,yoba yagirizwa mw’ifata no mw’iyica ry’igisongerezi mu vya Gisirikare Eddy Claude Nyongera.

Majoro Claver Nahimana bikaba bivugwa ko yoba azoja mu gihugu  ca Repubulika y’amajepfo ya Sudani aho bita Darefuru.Umwidondoro w’uwo mu Majoro Claver Nahimana akaba ar’uwu: afise matricule SS1306, akaba yahoze mu gisoda ca kera, akaba kandi ari mu mugwi wa 34 mw’ishure rikuru rya ISCAM ,ubu akaba akora mw’iperereza rya gisirikare muri Etat major.

Amakuru ava muri Etat -Major, atubwirako Majoro Claver Nahimana yoba ari k’urutonde rw’intwazangabo zizoja kugarukana amahoro mu gihugu ca Darefuru ka Burorerezi .Ivyo abatari bake bakaba babibona nk’aho umengo ahawe agashimwe ku mabi ariko arakorera abasirikare bahoze mu gisirikare ca kera hamwe n’ugwaruka gwo mu Ntara nka Mugamba na Bururi; abo nabo bakaba bazira imvo imwe gusa,kuba bariyamirije ikiringo ca gatatu c’umukuru w’Igihugu muri Ndamukiza 2015,abatari bake muri bo bakaba baborezwa igufa, abandi bakabugwa irengero, benshi nabo bakaba barapfuye.

Uwo Majoro Claver Nahimana akaba yaravuzwe cane mw’ihagarikwa no mwinyuruzwa  ry’igisongerezi mu vya gisirikare Firiberi Nduwamungu, aho haheze amezi atawusubiye kumukubita ijisho gushika iri zuba. Ubu naho akaba ariko aragirizwa ihagarikwa rya Adjudant Eddy Claude Nyongera , n’iyicwa ryiwe ry’agashinyaguro mu biro bikuru vy’igendereza ry’Igihugu

Amakuru abandanya avuga ko , Majoro Claver Nahimana akorana n’uwumutwara mu vya Gisirikare  Coloneli Ignace Sibomana ajejwe ivy’igendereza mu vya gisirikare, uwo nawe agaca atanga icegeranyo k’uwumutwara Lieutenant Generali Prime Niyongabo.

Imiryango y’ababuze,iramenyeshako ibabazwa n’ishimigwa ry’umuntu nk’uwo.Ikaba isaba Ishirahamwe ONU n’amashirahamwe y’ibihugu vya Buraya kutemera kwifatanya na Leta Y’i Bujumbura mugushimira Inkozi z’ibibi.

Amamuko y’inkuru: www.bujumbura.be

 

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel