Scroll to Top

#Indundi| Mkombozi ati” Imana sinzoyisaba amafaranga kuko siyo igaba ama Banki.”

By Editor / Published on Monday, 10 Oct 2016 06:03 AM / /

 

Mkombozi mu nkuru ziwe zidahera kandi zamaho, zigizwe n’urukurikirane rw’amajambo menshi, yamenyesheje ko “Imana atazoyisaba amafaranga icazoyisaba ari impwemu.”

mkombozi-hasta

Imana ngo siyo igaba ama Banki niyo mvo nyamukuru Nzeyimana Thomas batazira Mkombozi atazoyisaba amafaranga. Imana ngo arayemera kandi icayisaba n’impwemu gusa amafaranga azoyironderera. Nta n’amahoro Mkombozi azosaba Imana icayisaba n’impwemu nayo amahoro azoyironderera.

Thomas kandi anamenyesha ko adashobora kwemera ko Satani iba kw’isi kuko ntayarabona kandi nawe ari kw’isi abari mwisi ngo     bokwirinda kuza barabeshera Satani mu vyaha vyabo bakora, akanagirako asaba uwuzomubona Satani kw’isi ko yo mumurangira.

Mwomenya ko Mkombozi ariko yitegurira igiteramo kigira kabiri co gushira ahabona indirimbo yiwe “Kuki?” Inyuma y’igiteramo  caberere i Kigali mu Rwanda,  bikaba bitegekanijwe ko ubu kizobera mu Gisagara ca Kampala i Manamba.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel