Scroll to Top

Justin Ndikumana mu bakinyi Sofapaka yaguze

By Radjabu Bosingwa / Published on Friday, 07 Dec 2018 06:47 AM / /

 

 

Inyuma yo gushira umukono Ku masezerano yo gukinira umugwi Sofa paka imyaka Ibiri (2) ,Umunyegori w’Intamba mu Rugamba Justin Ndikumana yashizwe ahabona mu bakinyi Sofa paka izokwifashisha mw’ihiganwa ryo muri Kenya rigiye gutangura kuri uyu wa Gatandatu igenekerezo rya 07 Kigarama umwaka wa 2018.

Uwo munyegori w’Intamba akazoba yambara inimero 1 mu bakinyi bakina mw’igori nkuko amasanamu avyerekana.

 

Justin Ndikumana imbere yo kugurwa mu mugwi Sofapaka yahora akinira St loi Lupopo uri i Lubumbashi  mu gihugu kiharanira demokarasi ya Congo RDC, yakiniye imigwi ya hano iwacu Nka Vital’o Fc hamwe na Prince Louis.

2,062 total views, 0 views today

Add Comment