Scroll to Top

#Burundi| Sheriff Bojang : CPI yashizweho guhohotera nukumaramaza abanyafirika

By La Rédaction / Published on Tuesday, 25 Oct 2016 23:56 PM / /

2016-10-26t072514z_1007970001_lynxnpec9p0cz_rtroptp_2_ozatp-uk-gambia-icc-jpg-cf

Inyuma y’aho Uburundi bumenyeshereje ko bukuye meza muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha hagakurikira Afrika y’epfo, ubu naho haramukiwe igihugu ca Gambie cari gisanzwe kinaserukiwe muri iyo sentare n’umushikirizamanza Fatou Bensouda akaba ari n’imvukira yo muri ico gihugu nyene.

Nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru muri ico gihugu ca Gambie kur’uyu wa 24 Gitugutu uheze, Sheriff Bojang, ngo guhera kw’iryo genekerezo rya 24 Gitugutu uwu mwaka, Gambie yakuye akarenge muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI.

Abicishije ku mboneshakure y’igihugu, vyongera bicanacanako ku mbuga ngurukana bumenyi zitandukanye nka You Tube, uwo mushikiranganji yagirirza CPI ko ihohotera abanyafirika kandi kubwiwe ngo ibihugu vy’abazungu n’imiburiburi bigera kuri mirongo itatu ngo usanga vyarakoze ivyaha vyo mu ntambara kuva iyo sentare ikibona izuba ariko ngo bakaba bibereyeho ata nkomanzi.

Mwomenya ko umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki-Moon, uwurongoye inama y’ibihugu vyateye umukono ku masezerano y’ukwinjira muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, umushikiranganji w’ubutungane mu gihugu ca Senegal Sidiki Kaba, bompi bari basavye ibihugu bifise ico binegura iyo sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI ko aho kwikura muri iyo sentare nyabuna ngo barondere ukuntu hoba ibiganiro maze hashobore gutorwa umuti w’ibibazo bibahanze.

 

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel