Scroll to Top

#indundi | Nziza Désiré yamenyesheje igihe ashobora kuzozira i Burundi

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 27 Oct 2016 04:20 AM / / 310 views

whatsapp-image-2016-10-26-at-16-53-55

Umuririmvyi Nziza Desire aganira na Indundi Magazine mu kiganiro Hits show gishikirizwa na Lee Marvin, yabajiwe abantu akumbuye mu Burundi, mu bantu yavuze amazina yabashije kuvuga abaririmvyi babiri gusa.

Cedric Bangy avuga ko yamukuriye nu Muziki ngo aza mu kibanza ca mbere arikumwe na Silas Damara ngo ari umugenzi wiwe cane nibo yabashije kuvuga amazina.

Hampande yaho avuga ko akumbuye cane imfura yiwe Leila Nziza akunda gose yasize afise imyaka 2 ariko azosanga afise 12.

Desire hampande yabo avuga ko akumbuye Nyina na bene nyina , ikibanza yasengeramwo, abo basengana, ikiyaga Tanganyika n’ibindi.

Nziza Desire yabajijwe igihe azozira aca avuga ko ariko yisuganya ngo mu mwaka uza wa 2017 uzotahuka I Burundi bikunde asange umuryango n’abavukanyi.

Nziza Desire yabajijwe icatumye ateba cane, avuga ko yabanje kurindira ngo aronka ubwene gihugu kuko bisaba igihe kitari gito kugira uronke ubwo bwenegihugu. Ngo iyo niyo yabaye intandaro y’uguhe mu mahanga kuko atashaka gushika I Burundi aciye mu Kinywabi.

Mwomenya ko Nziza desire ariko arisuganya ngo abashe gushira ahabona urukurikirane rwiwe rushasha ruzoba rugizwe n’indirimbo 8, harimwo iyitwa Ibishimbo n’ibigori yanatwaye izina rya Album.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel