Scroll to Top

#Burundi|Inyungu za Leta y’Uburundi hamwe n’iza Leta y’Uburusiya ngo ni zimwe mu kwubakira hamwe ubucuti

By La Rédaction / Published on Tuesday, 01 Nov 2016 04:07 AM / /

investisseurs-russes-bujumbura

Inyungu za Leta y’Uburundi hamwe n’iza Leta ya Mordovia ngo ni zimwe mu kwubakira hamwe ubucuti bukomeye. Ni muri iyo ntumbere abanyamitahe b’abarusiya baje i Burundi gushingaho ishirahamwe ry’uguhingura amashanyarazi ”ampoules” rifise izina rya « LISMA / TLLINNO ».

Nk’uko bimenyeshwa n’icegera ca mbere c’umushikiranganji wa Repubilika ya Mordavie, Sedov Aleksandr Ivanovitch, Mordavie ngo ni intara imwe yo mu Burusiya ifise ikibanza ca kane mubijanye n’ubutunzi hamwe n’ugutanga umuyagankuba mu gihugu.

Nayo umuyobozi mukuru wa ISMA, Konstantinov Igor amenyesha ko mukugira biyumvire kuza gushinga iryo shirahamwe mu Burundi ko ari kubera inyungu z’Uburundi niz’Uburusiya ari zimwe na canecane mukwubakira hamwe ubucuti ivyo bihugu bisanzwe bifitiraniye.

Arongera akamenyesha ko ubumenyi mu bijanye n’amashanyarazi buzotuma hagira iciyongera ku buzima bw’Uburundi n’abarundi na rirya Uburundi busanzwe ari igihugu gihagaze neza  kikongera kigafita imihora myinshi mu bijanye n’ukujana ibidandazwa hanze y’igihugu.

quelques-ampoules-electriques-exposees-par-les-investisseurs-apres-laudience-1024x683

Nayo umuvugizi w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, umushingantahe Isidore Ntirampeba akaba yamenyesheje ko iryo shirahamwe rije gutanguzwa i Burundi ko ritegekanya kwigisha urwaruka rw’abarundi akaba arirwo rusanzwe rugize igice kinini c’abanyagihugu, maze ubushomeri bubone kugabanuka.

Isidore Ntirampeba arongera akagira ati si ivyo gusa kuko igice kinini c’ibizoba vyahiguriwe muri iryo shirahamwe, kizoheza gikoreshwe n’abarundi maze ibice bigera kuri 80 kw’ijana navyo bishorwe hanze y’igihugu, gutyo ubutunzi nabwo bwiyongere mu Burundi.

Nayo ayo mashanyarazi ngo akazokoreshwa mu mazu, mu bibanza bikunda gukoraniramwo abantu benshi hamwe no mu mabiro atandukanye, akaba kandi ngo azoba yakozwe ku buhinga bukomeye kuburyo atazogira ingaruka ku magara y’abantu.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel