Scroll to Top

#indundi | Emery Sun Ngo yaratanze ubushikiranganji

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 02 Nov 2016 08:36 AM / /

14938129_1145674112135330_681159676772218407_n Inyuma y’imisi itari mike uno muririmvyi Emery sun adashira ahabona akaririmbo na kamwe, yari yamenyesheje ko buca ashira ahabona akaririmbo kiwe gashasha yise “Wewe ni jewe” ariko kaba gatevye kubera ibibazo vy’ubuhinga.

Kuri musi wa kabiri niho uno muririmvyi yashira ahabona iyo ndirimbo irimwo ubutumwa burabisha mu rukundo nkuko dusanzwe tumenyereye uturirimbo twiwe. Muri ako karirimbo kangana n’iminota 4,a kakorewe muri Master Muzik na Yves Kolly agaruka ku bwiza bw’umwiza aho amubwira ko yamwiyeguriye wese.

Emery sun akaba ahumuriza uwo mwigeme atabashije kuvuga ko aho azoshinga ikirenga noneho nawe azohashinga iciwe. Yagize ati

” Nukuri biranditswe, aho uzoshingura ikirenge, nanje nzohashinga icanje mu cawe icawe mu canje, mu rukundo turumwe  , jewe ni wewe wewe ni jewe, uri inkongoro ihoza umutima iyo ubabaye,… “.

Emery Sun akaba yabananije avuga ko ari uwo mwigeme yahaye ubushikiranganji bwo hagati mu mutima kuko ariwe yafashe umuti, kandi ngo niwe yazanye ihinduka mu mutima, indoto ziba ukuri.

Ni wewe wazanye ihinduka mu mutima, ni wewe watumye indoto ziba ukuri, ivyari i bumoso bija i Buryo, ahari umwiza haja umuco, Ubu akamwewe kaguma kansywa….. Ni wewe nahaye ubushikiranganji bwo hagati mu mutima”

Mwomenya ko yaheruka gushira ahabona amasanamu y’akaririmbi kiwe yise Ntangere, inyuma naho hashirwa ahabona akririmbo yakoranye na mugenziwe Suoer huff bise Mpumuriza.

Wewe Ni Jewe By Emery Sun


Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel