Scroll to Top

#indundi | Kebby Boy yoba muri Tanzania atamye ivyamwa mu Muziki gusa?

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 10 Nov 2016 13:00 PM / /

Twashatse kumenya ko Kebby Boy atoba yaronse umusahirizi(Manager) mu Muziki gusa muri Tanzania ahubwo ko yanaharonse Umwana muri ino misi amaze yo.

whatsapp-image-2016-11-10-at-19-09-24

Inyuma y’ukuronka amakuru avuye Ku rubuga rumenyekanisha abaririmvyi mu gihugu Kibanyi ca Tanzania ko umuririmvyi w’umurundi Kebby Boy yipfurije Umwana wiwe isabukuru ryiza, uwo nawe ngo akaba yamuronse arikumwe n’umunyamideri wo muri ico gihugu nyene.

Twahavuye turondera Uwo muririmvyi ngo tumenye ko yarasanzwe afise umwana muri ico gihugu canke ko yamuronse inyuma yaho agiriyeyo ariko abihisha abarundi n’amakungu.

Uwo muririmvyi yahavuye amenyesha ko Umwana ari rwiwe ariko Biologically Atari rwiwe. Tugira amakenga dusaba ko adusobanurira neza uko biri kuko bidatahuritse. Yasobanuye avuga ko umuvyeyi w’uyo mwana ari yamutwaye umutima, ngo nico gituma amwita Umwana wiwe.

v

Mwomenya ko uwo muririmvyi amaze ikiringo kirenga umwaka gato ari muri ico gihugu aho ariko arakora akazi k’umuziki aho yanaronkeye umusahirizi(Manager).




70 total views, 0 views today

Add Comment