Home BDUSA BDUSA : Urukundo rwari rwamuzanye yarugaragaje abene umurango babona

BDUSA : Urukundo rwari rwamuzanye yarugaragaje abene umurango babona

 

Inyuma y’iyinga ashitse mubwa Nyaburunga aho yatumenyesheje ko azanwe n’urukundo rwamye ruranga abarundi kuva kera na rindi, umuvugizi w’ishirahamwe BDUSA (Burundian Diaspora in USA 🇺🇸) risanzwe riyobowe n’umushingantahe Samuel Ndayiragije , Dr Zena Ntiranyibagira yagaragaje  kuri uno wa kane igenekerezo rya 13 Ruhuhuma urwo rukundo rwari rumuzanye mu gushikiriza imfashanyo imiryango y’abarundi bababa amajana atandatu baherutse guhura n’ivyago aho imvura idasanzwe yabasize mu kangaratete ikabanyaga ababo n’ivyabo.

Aho ni muri site ya Sabe muri zone #Ngagara ikaritiye y’10 aho iyo miryango itakigira ayo icira n’ayo imira yashoboye kuronswa imfashanyo igizwe ahanini n’ibifungurwa (umuceri, ibiharage, amamesa) hamwe n’ibitenge, umuryango umwumwe ukaba washoboye kuronswa ibiro 10 vy’umuceri, 10 vy’ibiharage, icupa rya kinju ryuzuye amamesa hamwe n’igitenge.

Abaronkejwe iyo mfashanyo bashimiye cane ishirahamwe BDUSA ryabagarukiyeko muri ibi bihe barimwo bitoroshe  baboneraho no guhamagarira abandi barundi bari mu bindi bihugu gufatira akarorero keza kuri iryo shirahamwe BDUSA ribaye irya mbere ribakuye habi.

Tubamenyeshe ko ivyo birori vyari vyatewe iteka n’uwuserukira Uburundi i New york muri Reta zunze ubumwe za Amerika Ambasaderi  Gaudence Sindayigaya , abarundi bo muri BDUSA bari baherekeje Dr Zena , umukuru wa zone Ngagara n’abandi banyacubahiro batandukanye.

Facebook Comments

Most Popular

Umutambukanyi wa Kidum ngo yabonye Nish ugutandukanye n’uko bamuvuga

Esther Nish avuga ko iyo aza kuba ari uwukunda kwumviriza abantu, ngo ntaco yari gupfa yimariye igihe yerekeza i Nairobi mu bikorwa vyo gukora...

Bimwe mu vyotuma abanyagihugu bakingirwa ingaruka mbi zifatiye kw’ihindagurika ry’ibihe

Gukorana kw'inzego za Reta hamwe no kwibukanya gukurikiza amategeko ni bimwe mu vyotuma abanyagihugu bakingirwa ingaruka mbi zifatiye kw'ihindagurika ry'ibihe. Ivyo ni ivyashikirijwe Umushikiranganji w'ibidukikije,...

T Max ng’iki ico yasezeranye abarundi bamwitezeko

Kuva aho akoreye indirimbo ari kumwe na Vichou munyuma akamara ikiringo kinini ubu ngo yoba ariko aritegura gushira ahabona ibikorwa bishasha ndetse no gukora...

Olga yabwiye Yambi igihe azosubirira I Burundi

Olga ngo umugambi afise n’uwo kugaruka mu Burundi aruko aje azanye ibikorwa bitari bike azoba amaze gukora, kandi bizoba vyifashe neza gusumba uko ubu...

Facebook Comments