Scroll to Top

#Burundi|Amashule yisumbuye yijukiwe mu bikorwa bijanye n’ubuhinga bwa none

By La Rédaction / Published on Tuesday, 15 Nov 2016 00:53 AM / /

tic-1

Umushikiranganji w’ama posita, ubuhinga n’uguhanahana amakuru, afadikanije n’umushikiranganji w’indero barateguye inyigisho zizomara imisi ibiri mu ntumbero y’uguhamagarira abanyeshule bo mu mashule yisumbuye kwijukira ibijanye n’ubuhinga bwa none.

Izo nyigisho zikaba zatanguye ku musi w’ejo igenekerezo rya 14 Munyonyo 2016, aho ziriko zibera kw’ishule ryisumbuye ry’i Kiremba riri mu ntara ya Bururi.

Nayo umunyabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ubuhinga n’uguhanahana amakuru TIC mu mpunyapfunyo y’ikinyamazuru, akaba ari nawe yuguruye izo nyigisho, yahamagariye abanyeshule kwama na ntaryo bafise akanyota k’ugusuma urusaku ku bijanye n’uko ubuhinga bwa none bukora na rirya ibintu nka vyose gushika kuri ino saha kw’isi nzima usanga bitera bigana mu buhinga bwa none.

Mwomenya ko Leta y’Uburundi iherutse gushiraho umugambi w’ukwigisha abo banyeshule ivyirwa bijanye n’ubuhinga bwa none bizoheza bikazomara imyaka igera kuri ine.

 

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel