Scroll to Top

# Indundi| Kahise| Twibukanye: Mwoba mwibuka ahahoze haba “Rezida”? Hasigay’ umusaka!

By Julien Barinzigo / Published on Thursday, 17 Nov 2016 06:47 AM / /
img-20161117-wa0003
Ikirimba ca Rezida w’Uburundi

Abakurambere ntibasiba kwibutsa urwaruko ko kizira guta agatarotaro ngo intaro zasheshe.Hari inyubakwa zari zikwiye kubungabungwa kuko zifise ico zibutsa abarundi.Umuntu yegereye inyubakwa uwo bita Rezida yabamwo uratangara .Inyubakwa nkiyo yategerezwa kuzigurizwa maze akazanira amafaranga Igihugu biciye kuri bamukera rugendo.None ntawuyivuga mbere bamwe ntanuwuyizi.

Uyo mutegetsi adasanzwe yari afise icicari hano mu gisagara ca Bujumbura neza naneza muri irya nyubakwa iriko irasambuka iri hagati y’ibiro bikuru vy’ibanki Ecobank n’inyubakwa ikoreramwo ibisata bimwe vy’ubushikiranji bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu. Uhashitse wakirwa n’urumerero rw’ivyatsi biboneka ko mu gihe kiza bigiye gukura.

Abarundi ngo boba bari mu bantu baharara ningoga bagahururuka ningoga.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel