Scroll to Top

#Indundi Sports| Kavakure Bryan ariko aritegurira ihiganwa rya UBA PRO LEAGUE mu buhindi.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 16 Nov 2016 03:50 AM / / 406 views

kavaKavakure Bryan, umurundi akinira Punjab Steelers mu gihugu c’ubuhindi, yamaze gutangura imyimenyerezo mu ntumbero y’ukwitegurira ihiganwa rihuza imigwi ikomeye mu gihugu c’ubuhindi mu rukino rwa BasketBall.

Ari mu gisagara ca Pun aho yashoboye kutuganirira, Bryan yatubwiye ko yatanguye imyimenyerezo ku ruhande rwiwe ( entrainement individuel),kugura ngo iryo higanwa rize ritangure ari ku rwego rushimishije.

Aho asanzwe ari ku murimo  w’ukwiga muri ico gihugu kuva muri uno mwaka yatowe mu bandi banyeshure isinzi ngo akinire umugwi wa Punjab Steelers mw’ihiganwa rya UBA PRO LEAGUE, rizotangura mu ntango z’umwaka uza, imyimenyerezo y’umugwi ikazotangura  mu kwezi kwa Kigarama.

Bryan akaba yahoze akinira imigwi ya Mutanga United, New Stars  ndetse n’umugwi nserukiragihugu w’UBURUNDI.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel