Scroll to Top

#Burundi|Inama nkenguzamateka y’Uburundi iragabisha Ububiligi buriko butegura kugirisha ikiganiro cerekeye Uburundi

By La Rédaction / Published on Friday, 18 Nov 2016 06:49 AM / /

senat-belge

Mw’ikete umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi yandikiye mugenziwe w’Ububiligi, Révérien Ndikuriyo arerekana amakenga afise ku kiganiro Ububiligi buriko butegura kugirisha kuri uwu wa mbere uza igenekerezo rya 21 Munyonyo 2016, ico naco kikazoba gihagaze cane ku Burundi nk’uko bibonekera mu civugo c’uwo musi kivuga giti ”ingene agateka ka zina muntu kameze mu Burundi : n’igiki kibuza amakungu gukora kugira ngo akingire abanyagihugu b’abarundi ? Ico amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike mu Burundi, abatowe ndetse n’ama ”ONG” y’Ububiligi abivugako”.

Umukuru w’inama nkenguzamateka Révérien Ndikuriyo akaba yibukije ko bamwe mu batumiwe muri iyo nama ko bakurikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi bagirizwa ivyaha vyakozwe mu myiyerekano yabaye mu mwaka uheze wa 2015.

Révérien Ndikuriyo agasaba inama nkenguzamateka y’Ububiligi ko yoreka gukorana n’abantu gushika ubu batazi ingene Uburundi buhagaze. Ku bwiwe abona ko ivyo bizohava bituma imigenderanire icafuka hagati y’ivyo bihugu bibiri. Mwomenya ko gushika ubu Ububiligi ataco burabivugako.

Mwomenya kandi ko abatumiwe n’inama nkenguzamateka y’ububiligi muri ivyo biganiro ari Pacifique Nininahazwe, Juliette Nijimbere, Natacha Songore, Grabriel Rufyiri, Alexandre Niyungeko, David Gakunzi, Pierre Claver Mbonimpa, Armel Niyongere, Aline Ndenzako, bamwe mu bashingamateka n’abakenguzamateka b’Ububiligi hamwe n’abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu amwamwe nka ”Human Rights Watch”.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel