Scroll to Top

#Burundi| Abagirizwa kugandagura umuhisi Adolf Nshimirimana baraburanishwa uwu musi.

By Indundi Staff / Published on Thursday, 24 Nov 2016 05:58 AM / / 632 views
prisonn-prisonn
Isana ngereranyo y’uwuboshwe.

Sentare Nkuru y’Igihugu ya Ntahangwa Ishashe mu manza z’ivyaha vy’amaraso, ¬†yaramutse igenda gukorera mu Ntara ya Gitega, kuburanisha abagirizwa kuba baragandaguye, nyakwigendera Generali Adolf Nshimirimana.

Abagirizwa icahe rero mur’urwo rubanza rero ruburanishwa uwu musi italiki 24 Munyonyo 2016 , bashika ku ntwaramiheto 10, muribo, batatu akaba ari ibisongerezi vy’intwazangabo( Sous officier); bose bakaba bamaze ikiringo kirenga umwaka babohewe mw’ibohero rikuru rya Gitega.

Tukibutsa ko abakoze iryo bara ry’ukugandagura nyakwigendera Adolf Nshimirimana babikoze igenekerezo rya 02/08/2015, mu Kamenge , hafi y’ibitaro Roi khared.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel