Scroll to Top

#indundi Gospel | Umurwi Redemption Voice wasohoye akaririmbo gashasha

By KING YANN COOL / Published on Friday, 25 Nov 2016 05:43 AM / /

13654148_1021434057941189_8137575967872000786_n

Inyuma y’akaririmbo Uri mwiza kamaze amezi indwi gasohotse umurwi Redemption Voice wasohoye akandi bise SINZOPFA.

“Sinzopfa nzobaho,
namamaze Ubuntu bwawe,
n’imirimo wakoze”

 

“Sinzopfa” niko karirimbo k’umurwi Redemption Voice gashasha bashize ahabona kuri uno musi wa gatanu igenekerezo rya 25/11 nkuko Imbuga zabo za Facebook co kimwe na Sound Cloud zivyerekana.

“Nta gihari combuza,
gushima izina ryawe,
nta norane yoruta,
ubunini bwawe,
Yesu kuhari,
nanje nzobaho,
Mvuge imirimo wakoze”

Muri ako karirimbo kamara iminota ine(4) n’amasegonde 48, bavuga ko batazopfa ahubwo ngo bazobaho kugira bamamaze ivyiza umukama yakoze. Igituma ngo n’uko ata yindi Mana ihari ihwanye n’iyo bo bemera, eka ngo n’iyo kwizigirwa, ntawogereranywa nayo.

“Mw’isi no mw’ijuru,
Nta yindi mana ihari,
Ihwanye nawe,
Nukuri uri uwo kwizigirwa,
Ntawogereranywa nawe,
Muvyo ukora vyose,
Nzohagarara,
Nshikame,
Ndirimbe ivyo wankoreye”

Mwokwibuka ko hari haheze amezi yababa indwi badashira ahabona akririmbo na kamwe, baheruka gushira ahabona akaririmbo kabo ka nyuma bise Uri mwiza kanasanzwe gatambika . Ariko hagati aho umurongozi wabo ariwe ERIC Mugisha akaba yaheruka kugira ubugeni.

capture-20161126-140738

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel