Scroll to Top

#Burundi| Amafaranga angana n’imiliyoni 50 z’amadorari niyo Banki y’isi yose yemereye Uburundi

By La Rédaction / Published on Friday, 25 Nov 2016 07:02 AM / /

niyonkuru-emmanuel-mini-environnement

Amafaranga y’abanyamerika angana n’imiliyoni mirongo itanu niyo ibanki y’isi yose ”Banque Mondiale” yemereye Leta y’Uburundi mu ntumbero y’umugambi w’ugusubiramwo uturere two mu Burundi, ivyo bise ”restauration des paysages” mu kinyamazuru.

Ivyo bikaba ari ibishikirizwa n’umushikiranganji ajejwe ibidukikije, umushingantahe Emmanuel Niyonkuru mu nama yabereye i Marrakech, iyo nayo ikaba yari yerekeye ishiramwe COOP22.

Nk’uko Emmanuel abandanya abishikiriza, iyo nama yabereye i Marrakech ngo yakwirikiye iyaheruka kubera i Paris mu Bufaransa aho ibihugu biyigize vyashoboye kwiyemeza kugarukira ibijanye n’ihindagurika ry’ibihe maze baritorere umuti urama.

Nayo kuri ayo mafaranga ibanki y’isi yose yemereye Uburundi, Emmanuel Niyonkuru amenyesha ko Leta y’Uburundi iza yaramaze gushiraho umurwi udasanzwe, uwo nawo ngo ukaba urembeje gutegura uwo mugambi uzoba utangiwe ayo mafaranga.

Categories : Economy homepage kirundi

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel