Scroll to Top

#Burundi| Aba ”Officiers” icenda nibo bankiwe kuja muri Centrafrique mu bikorwa vy’uguhagararira amahoro

By La Rédaction / Published on Saturday, 26 Nov 2016 05:42 AM / /

munisca

Aba Officiers b’abarundi bagera kuri icenda botegerejwe kuja mu gihugu ca Centrafrique mu bikorwa vy’uguhagararira amahoro bankiwe na Nations Unies ko bajayo.

Amakuru ava mu gisirikare c’Uburundi amenyesha ko Nations Unies yari yarasavye Leta y’Uburundi ko abo ba Officiers icenda yobasubiriza imbere y’itariki ya mbere Kigarama 2016 kuko ngo bafise ivyo bagirizwa vy’uko boba barakoze ivyaha vy’ugutoteza agateka ka zina muntu mu Burundi.

Abo ba Officiers bankiwe kuja muri Centrafrique akaba ari : Major Ferdinand Niyongabo, Capitaine Deogratias Ahishakiye, Capitaine Epitas Nduwamahoro, Capitaine Medico Nzitunga, Capitaine Diomède Sinzumusi, Capitaine Jean Marie Nimpagaritse,Capitaine Richard Gateretse, Capitaine Diomede Ntukamazina hamwe na Lieutnant Prosper Nkurunziza.

Batanu muri abo bakaba bahora batwarwa n’umuhisi lieutenant Colonel Darius Ikurakure, hama abandi bane nabo bakaba bahora bakora muri BSPI (Brigande Spéciale pour la Protection des Institutions) mu kinyamazuru.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel