Scroll to Top

#Burundi| Abanya Gihanga bahavuye baja kwugariza ibiro vy’igipolisi bagisaba ubutungane

By Janvier Nzokurigomba / Published on Saturday, 26 Nov 2016 06:15 AM / /

gihanga

Intanduruko ya vyose yavuye ku munyagihugu wo ngaho nyene mu Gihanga muri karitiye ya gatanu azwi kw’izina rya Protais Niyonsaba yakubiswe n’abantu bataramenyekana gushika aho asandaba.

Hakizimana Yohani akaba ari umusore umwe mubo abanyagihugu bo ngaho i Gihanga bagiriza ko yarimwo mubagandaguye uwo muhisi Protais bakaba rero baratanngaye cane bagiye bamubona ariko arijandajandira muri iyo karitiye ku wa kane uheze nk’uko umengo ntacigeze.

Bamaze kumukubita ijisho rero, abo banyagihugu baciye bafata ingingo y’ukuja kwugariza ikirindiro c’igipolisi c’aho i Gihanga basaba ko uwo Yohani yotabwa muri yompi yamara ntivyashoboka abapolisi babwira abo banyagihugu ko botaha maze ngo bakazoheza bakazobikurikirana hanyuma, yamara abo banyagihugu baranana kuva kuri ico kirindiro c’igipolisi niko guhava batangura kurasa kugira ngo babashwiragize aho hanakomeretse umupfasoni umwe n’umwana.

Abajejwe intwaro muri iyo ntara ya Bubanza bakaba bahavuye bishikira muri iyo karitiye ya gatanu yo muri Gihanga kugira ngo barabe ko boshobora kugarukana icuka ciza muri abo banyagihugu.

 

135 total views, 0 views today

Add Comment