Scroll to Top

#Burundi| Imyiyerekano y’ukwiyamiriza umuzo w’abahinga 3 ba ONU mu Burundi

By La Rédaction / Published on Sunday, 27 Nov 2016 04:46 AM / /

manif-1

Kuri uwu wa gatandatu waraye uheze igenekerezo rya 26 Munyonyo 2016, i Bujumbura harabaye imyiyerekano, iyo nayo ikaba yari ifise intego zitatu, iy’ukwiyamiriza abahinga batatu ONU ishaka kurungika mu Burundi kugira ngo baze kuraba ibijanye n’agateka ka zinamuntu uko vyifashe gushika ubu, ukwiyamiriza igihugu c’Ububiligi hamwe n’ugusaba ko ishirahamwe Ligue Iteka ryofutwa burundu.

manif-2

Iyo myiyerekano ikaba yari yitabwe n’abanya Bujumbura batari bake baharurwa mu bihumbi birenga bitanu, aho bamwe bagenda n’amaguru bafise ivyapa vyanditseko ivyo biyamiriza, abandi ku mapikipiki, twa tuduga tugendera ku mapine atatu bita tukutuku ndetse n’amakinga, bagenda barasamiriza indirimbo zitandukanye.

Bakaba batanguriye urugendo ku kibanza c’ukwikukira kw’Uburundi ”place de l’indépendance”, hanyuma bajana ibarabara ryitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, barabandanya kuri avenue yitiriwe JRR maze babandanya n’ibarabara ryitiriwe Pierre Ngendandumwe baraheza bashikira ku biro vy’ubuserukizi bw’Ububiligi mu Burundi aho bashikirije amajambo atari make harimwo ugusaba Leta y’Uburundi gufuta burundu ishirahamwe Ligue Iteka. Bakaba barangirije ku ruririmbo ruhayagiza igihugu c’Uburundi.

Twokwibutsa ko iyo myiyerekano yari yateguwe n’igisagara ca Bujumbura.

 

210 total views, 0 views today

Add Comment