Scroll to Top

#Burundi| Evariste Ndayishimiye yaciye aboneraho akaryo k’ugutanguza ibikorwa vy’ukwubaka ingoro y’umugambwe

By La Rédaction / Published on Monday, 28 Nov 2016 05:40 AM / /

evariste-ndayishimiye-aux-tdc-rumonge

Mu myiyerekano yari yateguwe kubera mu ntara ya Rumonge ku wa gatandatu uheze, Evariste Ndayishimiye, umunyamabanga mukuru w’umugambwe Cndd-Fdd yaciye aboneraho akaryo k’ugutanguza ibikorwa vy’iyubakwa ry’ingoro y’umugambwe aho nyene mu Rumonge.

Mw’ijambo ryiwe, Ndayishimiye yaragarutse k’uruhara igihugu c’Ububiligi gifise mu ndyane zihanze igihugu c’Uburundi guhera ku muzo w’ababiligi mu Burundi, aho yashikirije ko mu gihe abo babiligi batari bwaze mu Burundi, abarundi ngo bari bibaniye neza mu mahoro n’ubumwe.

Yabandanije ahamagarira abanyagihugu bo mu Rumonge kwijukira ibikorwa vy’iterambere yongera ahamagarira amakungu gukorana na Leta y’Uburundi ku nyungu z’abanyagihugu.

Kuri uwo musi nyene, Evariste Ndayishimiye yarakoranije abayoboke b’umugambwe Cndd-Fdd aho yabasavye kwama na ntaryo bagize urunani boye kurwa mu bibatandukanya.

Twokwibutsa ko iyo myiyerekano yari yateguwe n’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura kugira ngo abanyagihugu biyamirize umuzo w’abahinga batatu ba ONU bagomba kurungikwa mu Burundi kuraba ibijanye n’agateka ka zina muntu, kwiyamiriza Ububiligi hamwe n’ugusaba ifutwa ry’ishirahamwe Ligue Iteka ngo atakindi rikora atari ugucanishamwo abarundi.

67 total views, 0 views today

Add Comment